IKIRUNDI_news

Ukwikwegerako ngo kwoba arikwo gushikanyeyo Sat-b

Ikibazo kiri hagati ya management 2 ya Empire Avenue na db Music Entertaiment, ngo coba arico catumye umuririmvyi Sat-b ahamagarwa mu biro vy’inyamiramabi.

Ico kibazo ngo coba ari ikibazo c’indirimbo yashatswe na Don Brighter nyene iyo management,noneho ariha uburyo bungana n’3,000,000, ariko ico gikorwa nticakorwa. Nkuko amakuru ava hirya no hino abivuga, ngo boba batahurije kuwokora iyo ndirimbo kuko buri umwe wese afise uwo yizera amukorera indirimbo.

Sat-b ngo yoba yakwegera kuri Kent-p asanzwe amukorera indirimbo, nayo Don agakwegera kwa Landry Sb asanzwe akora ibikorwa vya db Music Entertaiment.

Amakuru dukesha Bonesha Fm rero akaba avuga ko Sat-b ngo yaraye ijoro rya mbere muri gasho k’igipolisi c’inyamiramabi PJP.

Mwomenya ko abantu batariko baratahura ukuntu umuririmvyi afitanye amasezerano n’amashirahamwe akomeye hano iwacu yofungishwa n’amafaranga angana uko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037