IKIRUNDI_news

Berry Music ngo Hari Featuring 2 yakoze Atari bwavuge

Abantu batari bake baramaze kwipfuza kubona Berry Music akorana ibikorwa n’abandi baririmvyi, kuko asa nkaho ariwe wenyene mu runganywe rwiwe atarakorana indirimbo n’abandi baririmvyi.

Mu kiganiro na Indundi Tv, uwo muririmvyi yamenyesheje ko hariho indirimbo amaze gukorana n’abandi baririmvyi, ariko ngo si iziwe.

Uwo muririmvyi akaba avuga ko izo ndirimbo ari 2 ariko ngo benezo ntibarashima kuzishira ahabona nkuko yabituyagiye.

Nayo kuba amaze imisi adashira ahabona ikindi gikorwa gishasha, berry avuga ko mu vuba cane hari igikorwa kigiye gushirwa ahabona bariko baritondera arico gituma abantu babona umengo ari mu gacerere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037