IKIRUNDI_news

Frank Duniano: Inyuma yokurekura album ng’iyi indirimbo yindi

Twibukanye ko album yiwe aheruka gushira ahabona ko yari igizwe n’indirimbo za kera gusa, bimwe vyatumye benshi bibaza ibibazo vyinshi nimba ata ndirimbo nshasha yoba afise canke imisitari yaramuheranye.

Ku nyinshu yagiye aratanga yavuze ko izo ndirimbo za kera ata karyo zari zaronse kugira zumvirizwe ngo niyo mpamvu yazishize muri album kugira zije mu bakunzi biwe bazimenyere.

Igenekerezo rya 23 gitugutu 2021 niho yasubiye gushira indirimbo yiwe ku mugaragaro izwi kw’izina rya “Wanapenda” nyarukira kuri youtube yiwe uyirabira.

Aganira na Indundi Magazine yavuze ngo akari inyuma karahinda ngo umwanya yari amaze mugacerere urakwiye ibikorwa bigira bitangure kwivugira.

Gumana natwe tubandanye turindiriye tuzokumenyesha ivyo yavuze ko yabishize mu ngiro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037