IKIRUNDI_news

Olga Lorie arasubiye kandi gukorana na Fizzo

Umuririmvyikazi aboneka cane mu ndirimbo z’ikibiriraho(karaoké) akunda gusubiramwo indirimbo z’abandi ati: “yamara ubu bigiye guhagarara ivyo kudakora indirimbo zanje ku bwinshi, ibikorwa bigira vyivugire.”

Inyuma yo kuboneka mu ndirimbo ya MB data “Timbirako” vuba agiye kuboneka mu ndirimbo yiwe afadikanije na Big Fizzo.

Twibukanye ko atazoba ari ubwa mbere aririmbanye n’uwo muririmvyi aho twabumvise nko mu ndirimbo “Me and you” nahoitashoboye kumenyekana cane kumbure kumvoz’uko itari ifise amasanamu.

Dushobora kwibaza duti: “mbega yari arindiriye iki kugira atangure kugaragara mu ndirimbo ziwe bwite?”
Inyishu yahaye Indundi Magazine yagize ati:”Ni uko ntari bwafatwe mu mugongo ariko ubu ndafise abashaka kumfata mu mugongo kumpano yanje” n’ubwo atarashimye kuvuga abo aribo.

Tubandanye tumushigikira Olga Lorie na rirya impano yoyo twumva ko ayifise mu kurindira iyo ndirimbo yiwe agiye gushira ahabona vuba izozanana n’amasanamu (audio& vidéo).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037