IKIRUNDI_news

Bizzo Uwezo aratanze ubutumwa ku baririmvyi bangeziwe

Ni umuririmvyi w’umu rapeur amaze igihe kitari gito muri uyu muziki ndundi. Ukurikiranye indirimbo ziwe nyinshi agenda atanga ubutumwa ku baririmvyi cane.

Indirimbo aheruka gusohora na Romeo Ininahazwe yitwa “Murakumbuwe”. Mu majambo make yashatse kuvuga ko umuziki w’ubu atabona iyo uriko uraja ahubwo hakumbuwe umuziki wa kera.

Igenekerezo rya 31 gitugutu yasubiye gushira ahabona indirimbo yiwe ati “Ndabihevye” aho neza na neza avuga ko yarushe gukora akazi katamwungukira vyiza abona ko yobiheba, ariko akabona umengo ntabibona cokimwe n’abaririmvyi bagenziwe kuko bobo berekana ko umuziki ubabeshejeho.

Yaciye yandika ubutumwa bugufi abicishije kuri Facebook yiwe agira ngo ababazwa n’abaririmvyi bereka amakungu ko babayeho neza n’umwuga wabo wo kuririmba abahamagarira gukora bakagabanya amajambo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037