IKIRUNDI_news

Kwabaye ukwivuguruza kwa Sat-b, canke n’Ubwoba?

Ya mafaranga 3,000,000 Sat-b vyavugwa ko yaraheraniye mugenziwe Don Brighter ngo yoba yararishwe yose. Kandi ngo coba arico cabaye igituma uwo muririmvyi yahavuye atezurirwa agatahuka muhira.

Naho abantu batari bake bamenye ayo makuru y’uwo muririmvyi, Sat-b we yabonetse ku musi w’Imana asa n’uwuhakana ko atigeze afungwa, ahubwo ngo yarahimotereje gusa. Iyo Post ivuga ivyo ikaba yari yabonetse ubugira kabiri kuko hari iya mbere yari yafuswe aho yavugamwo ko ishusho yabonetse bivugwa ko ariho yariko yinjira mu gasho, ngo siyo yararoye, ahubwo yariko ahumuriza uwari yahuye n’ivyago yinjizwa muri ico kibanza.

Izo Post zose uko ari 2 zikaba ata nimwe yaharagamye kuko zose zahavuye zikurwako vuba bwango. Nta wuzi ko ariwo mukenyura ariko arakoresha ngo ibinyamakuru n’abakoresha imbuga ngurukanabumenyi bamuvuge cane kugira ategure umuzo wa ya ndirimbo Hug Me yakoranye na Otile Brown yitezwe kuri uyu wa 5/11.

Ivyo bikaba bitabaye irya mbere kuri Sat-b aho yandika amajambo ku mbuga hwaniro akoresha, noneho akaza kubivamwo, akazifuta.

Ivyo Sat-b yashikirije rero ko atafunzwe,ngo yoba yarahamotereye gusa, ari nka hamwe itoba ari imvugo mfobeko, ahubwo yashatse kuvuga ko vyukuri atafunzwe yari yidegemvya ico gihe cose amakuru yakwirakwizwa hirya no hino ko yafunzwe, vyoba bibaye ibihushane n’ivyashikirijwe n’ibinyamakuru bitandukanye birimwo Jimbere Magazine caniganiriye n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, aho yanavuze ko izo mpande zose ziriko zirondera umuti w’ibibazo bibahuza.

Mukamenya ko uwo muririmvyi yagirizwa ukwibisha urwenge, kuko atakurikije ivyari mu masezerano yari yagiranye na Don Bright.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036