IKIRUNDI_news

Imana ngo yuguruye imiryango, Bahavu yibungenze yabaye Brand Ambassador

Mu gihe umutambukanyi wa Fleury Legend, yibungenze, yahawe amasezerano na kimwe mu bigo bisanzwe bikora ibikorwa bijanye n’imideri nkuko mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru babishikirije. 

Yaba Bahavu Entertaiment(Maison de Production ya Bahavu na Fleury) yaba ico kigo gifise izina rya Sina House bakaba ata numwe yashimye kuvuga amafaranga azoza ahabwa buri kwezi, muri ico gihe bazomarana.

Naho banse kuvuga igihe amasezerano yabo azomara, ariko bakavuga ko ari igihe kirenga umwaka, muri kiganiro na Chita Magic, Fleury umugabo wa Janet akaba na Manager wiwe yavuze ko umwaka urangiye ariho bazosuzuma neza ko ivyo babashakako vyashitse, noneho bakongera amasezerano canke bakayahagarika.

Abo uko ari babiri bakaba bafise n’urubuga rwa Youtube rwabahariwe aho bavuga vyinshi mu bijanye n’ubuzima bwabo, ari naho bipfuza kuzovugira igitsina c’umwana wabo. Ariko hagati aho ngo umugore yoba atazi igitsina c’umwana, ngo umugabo niwe akizi we nyene.

Ku batabizi, Janet Bahavu akaba akina muri Film yitwa Impanga, isanzwe itunganywa na Fleury nyene biciye muri Company basangiye ariyo Bahavu Entertainment.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037