IKIRUNDI_news

Mr Champagne arugurutse kuvyo umubano w’abaririmvyi

Arakunda cane gushigikira ibikorwa vy’abaririmvyi bagenziwe uretse abo mu Burundi no hanze y’igihugu na cane cane muri Tanzania

Nk’uko avyivugira abicishije mu nyandiko aravuga ko indirimbo zitatu zikimota ubushasha ya Olga n’iya Best Life ya Sat B yashoboye kwerekana urukundo rwo kuzishigikira.

Icamubabaje n’uko Olga Lorie na Best Life bonyene aribo bamweretse ko baryohewe n’igikorwa yabakoreye
ariko Sat B ntaco yabivuzeko.

Bikamutera kwibaza vyinshi ati “mbega ko aba Tanzania bafise abantu benshi babakurikirana ko bahora bashirako commentaire zabo iyo babonye igikorwa cabo nashigikiye; twoshigikirana gute mu Burundi tutarerekana urukundo twebwe abaririmvyi?”

Akagohe avunira abaririmvyi n’uko boshigikirana kugira ibikorwa vyabo bigere kure bigire n’ico bibamariye yaba umu fana wawe ashize commentaire ku gikorwa cawe shirako like kugira umuhe umwete wo kubandanya agukurikirana .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037