IKIRUNDI_news

Best life Music boba bavuga ko Sat-b Ari igisuma?

Umurwi Bestlife Music ngo ntiwiteze kugenda kubaza muri Empire Avenue kwa Sat-b igituma indirimbo Hug Me na Try Me yabo bifitanye agashusho, kuko uwakoze amakosa ariwe yarakwiye kuja kubarondera noneho agasaba imbabazi.

Mu kiganiro Saturday Moring kiremesha na Edisson ndayahoze, ku nsamirizi y’imicokama, abo baririmvyi bari abatumire kuri uyu wa gatandatu, babajijwe igituma izo ndirimbo zabo zisa, banakibazwa n’umufana yari yanditse ubutumwa.

Inyishu batanze, bavuze ko vyukuri nabo batazi uko ivyo bintu vyagenze, kuko nabo bavyumvise uko abandi bantu bose bumvise ko izo ndirimbo zabo zisa.

Ariko muri ukwo kwishura bavuze ko iyo ndirimbo yabo atari iy’uno musi kuko ngo bayikoze imbere yuko batandukana n’uwo bafashanya abarizwa muri Empire Kent-p, ariko kandi ngo indirimbo umuhinyanyuzi yayikoze yayikoreye muri Studio ya Empire.

Abo baririmvyi basigaye ari 3 bakaba bavuga ko ari umuntu yumva kandi atahura, ngo arumva neza uwakoze ikosa uwariwe.

Ivy’uko izo ndirimbo zisa cane bikaba vyari vyagumye bivugwa cane n’aba na bariya, aho batumva ukuntu indirimbo zisohokera rimwe ariko kandi zikasa zifise ibice bitari bito bisusa cane.

Mukamenya ko abo baririmvyi basanzwe bari muri Management ya Empire Avenue, ariko bakaza kuvayo naho bavuga ko barikumwe nk’abafatanya bikorwa atari abari musi y’uburongozi bwa Empire, icabakuyeyo bose nta wukivuga ngo agitomore, ariko bikavugwa ko boba batahurije ku bintu bitari bike.

Ariko hampande yaho mukamenya ko manager wa Sat-b ariwe Kent-p, ari nawe yabaye manager w’aba baririmvyi bagize umurwi wa Best Life Music kuva bagitangura, binashoboka ko ari nawe bakurikiye muri Management ya Empire kuko ariho asigaye akorera ibikorwa naho yarasanzwe afise Kora Ent nubu agikoresha cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037