IKIRUNDI_news

Ibiriko biraba kuri Madiba the Classic vyoba bihatse iki?

Ibiriko biraba kuri Madiba birateye amakenga cane, naho vyukuri atawuzi ikivyihetse inyuma. Mu misi iheze, uwo muririmvyi yasohoye ubutumwa burebure yashize ku rubuga rwiwe rwa Facebook aho yagarutse cane ku bijanye n’umuziki wiwe.

Naho atatomoye neza ko yoba ahagaritse umuziki canke nimba kwari ukwidoga gusa bisanzwe, ariko harumvikanyemwo agashavu kava indani, kuko kanatsinda anaheruka kubura umuvyeyi kandi yaramumariye kinini kuko hampande y’uko yari umuvyeyi wiwe, ni nawe ngo yamufata mu mugongo mu bijanye n’umuziki.

Budakeye kabiri Landry Promoter, ati jewe ngiye gufata mu mugongo iyi ngabire ntipfuza ko igenda amazimayongo kandi mfise ubushobozi bwo kumukorera bike, kuko ibirengeje vyo ntavyo nshoboye. Bamwe mu bafana baranashorerana baja gukora imyiyerekano, hanahamagarwa bamwe bamwe mu bamenyeshamakuru bagenda kuraba ivyari vyabaye, uwutabibonye, nakubitire kuri Indundi Tv, arabibona.

None ndabira n’ubu arasubiriye naho nubu ubutumwa burimwo butomoye, ariko burimwo imitego itari mike. Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, akifashisha I foto yiwe yicurikiriye, Madiba the Classic yasubiriye kandi gutera ibuye mu mwijima.

Muvyo yanditse yashimiye abamubaye hafi, bakamutera intege, ariko kandi n’abamushinyagurije, yabaneguye, kuko ngo bamusabiye guhwera kuko ngo amahenda ncuti agora.

Yanditse ati : “Uyu musi ndi hamwe ata wutera ibuye aho yateretse igisabo, uyu musi ngororoke nshimire abo gushimirwa, intwari zambaye hafi. Ntashinyaguye, abanyirengagije n’abanciye intege, yamara ndabanegura kuko bambwiye ngo “urahwera uhwereye, amahenda ncuti aragoye.”

Ubu butumwa rero buragoye gutumbereza, ngo umenye ngo mbega buraraba kwande? Canke burabwira bande? Mbega yoba ariko ashimira Landry Promoter? Mbega abo bamushinyagurije bo boba ari bande? Mbega hoba hari igishasha gihari akaba ariko arakura ubwatsi? Vyose biracagoye gutora, ariko reka tubitege amaso, kuko abarundi barayamaze ngo iyo ijoro ryijime buba bugiye guca.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036