IKIRUNDI_news

Bwa burobe bwa Sat-b bugeze muri 10 zikunzwe muri Kenya

Bwa burobe bwa Sat-b bugeze mu ndirimbo 10 za mbere zikunzwe cane muri Kenya, imbere yiwe uno musi hakaba hari abaririmvyi b’ibihangange muri Afrika y’ubuseruko nk’indirimbo ya Alikiba na patoraking , iyo kwa Bahati, indirimbo 2 za Otile Brown, Indirimbo ya Mbosso yakoranye na Zuchu. 

Nayo inyuma yiwe hakaba hari indirimbo zitari nke zirimwo 3 zo kwa Harmonise, indirimbo ya Adele iza mu kibanza ca 20, n’izindi z’abanya Tanzania co kimwe n’abanya Kenya nyene.

Nayo muri Video muri rusangi zikunzwe muri kenya, indirimbo Hug me ya Sat-b ikaba iza mu kibanza ca 12, aho izo inyuma gato ya Video ya Highlights y’umukino wa Man City na Man City.

Kuri iyo List iyo ndirimbo ikaba iza imbere y’indirimbo zitari nke zirimwo iza otile ubwiwe, iya Alikiba, iza Harmonize n’izindi zitari nke.

Nayo muri Tanzania muri Video 169 zikunzwe cane, Hug me ikaba iza mu kibanza c’125.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036