IKIRUNDI_news

Abatimbo bo mu gishora ngo ishavu riraniga

Abatimbo 12 bo mu gishora barababajwe n’ukuba barasibijwe mu rugendo bategerezwa kujamwo I Dubai baherekeje umukuru w’igihugu muri #DUBAIEXPO iriko ibera muri ico gisagara.

Abo batimbo bavuga ko bahomvye amafaranga angana n’imiloyoni 5 bari bakoresheje mu kurondera ivya ngombwa, bakibaza uko vyagenze bakabibura kuko umukuru w’igihugu ubwiwe ngo ariwe yari yabarondeye ngo bazojane muri urwo rugendo yatanguye ku musi wa mbere ruzomara imisi 5.

Mu bishikirizwa n’uwubatwara, ngo vyanse ko bagenda kuko batevye kwipimisha COVID nkuko babwiwe n’umwe mu batware mu bushikiranganji bw’inkino n’imicokama, mu gihe abo muri ubwo bushikiranganji nyene aribo bari ngo bababwiye ko bazobabwira ryari bazokwipimishiriza ico kiza nkuko babiyagiye insamirizi Isanganiro.

Uwo muserukizi w’abo batimbo akaba avuga ko kubwabo ata kindi atari amanyanga yakoze, kuko ngo atari irya mbere biba aho amahiganwa aba ariko abatsinze ntibabe aribo bagenda, ahubwo hakagenda abandi. Abo batimbo bagasaba mu bushikiranganji bw’inkino n’imicokama, bubarenganura.

Iyo nsamirizi dukesha ino nkuru ikaba yamenyesheje ko yarondeye umushikiranganji w’inkino n’imicokama kugira batange umuco, ariko babarungika mu bushikianganji buraba ivy’ingenzi, aho nabo bababwiye ko abakoze iyo Dossier y’abo batimbo babarizwa ku mugabane wa AZIYA aho bagiye muri ico gikorwa ca #EXPODUBAI.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037