IKIRUNDI_news

Yvan Muziki yagarutse ku buryo abantu bakiriye indirimbo “Urugo ruhire”

Inyuma y’indirimbo “Urugo ruhire” yafatanije n’umuririmvyikazi Marina,Yvan Muziki ngo agiye gushira ahabona iyindi ndirimbo nshasha ariko yo yikoranye. Ivyo uwo muririmvyi akaba yabiyagiye mugenzi wacu akorera imboneshakure y’I Kigali.

Yvan Muziki muri ico kiyago akaba yanashimye kuba abantu barakiriye neza iyo ndirimbo yiwe, aho mu misi mike imaze ishizwe ku rubuga rwa Youtube, iyo ndirimbo imaze kurabwa n’abarenga 300,000. Afatanije na Marina barikumwe muri ico kiganiro, bakaba banasavye kubandanya bashigikirwa, ari nka hamwe ngo bibandanije uko ngo nta nkeka aho bukera bazokwongera kandi bakore iyindi ndirimbo kubw’abafana babo.

Muri ico kiganiro nyene, Uwo muririmvyi ntiyaretse no gushimira Masamba yemeye kumuha iyo ndirimbo ariko kandi akanayiririmbamwo, ikirengeje akanitanga bikomeye mu gihe c’ikorwa ry’amasanamu.

Mukamenya ko Yvan Muziki imbere yuko ashira ahabona iyo ndirimbo yakoranye Massamba, yari yashize ahabona urupapuro ndangandirimbo aho yerekanye indirimbo 3 ziri muri EP yise True Love azoshira ahabona. Izo ndirimo 3 zikaba zirimwo iyo yikoranye, iyo yakoranye na Marina n’iyo Urugo ruhire yakoranye na Massamba na Marina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036