IKIRUNDI_news

Meili amadidane ni menshi arasaba ubufasha bwanyu

Indirimbo yiwe” Arabesha” ukwezi ntikurarangira isohotse kuko yasohotse mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu ubu tukaba turi mu ntango z’ukwa Munyonyo 2021, ukwo imisi igenda nikwo ibandanya inyengetera mu bantu kanatsinda ikozwe no mu buhinga buhanitse.

Ashaka asohore iyindi ndirimbo ariko ingorane abona umengo indirimbo “Arabesha” akanovera kayo kaguma kiyongera uko bukeye uko bwije ni bimwe bikimudidaniye ko yobanza akareka gusohora iyindi canke ayisohore.

Yatanze akanya ku bakunzi biwe na cane cane abakunzi b’umuziki ndundi mugire ico mu muhanuye. Yarangije asaba kubanda mukurikirana ibikorwa vyiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037