IKIRUNDI_news

Kirikou Akili yoba yatanguye gukorana na Natura ?

Muri ino misi tugize imisi tubona abaririmvyi batandukanye, abamenyeshamakuru co kimwe na bamwe mu banyabuhinga n’ubumenyi, bamenyekanisha ibikorwa vyaba na bariya ariko ntitubwirwe nimba hari amasezerano bafitanye canke nimba ari ugushigikira bisanzwe.

Hampande y’amashirahamwe y’ugutiga (Beating), ayo gusiga canke gukora neza abagore n’abakobwa (Make Up) ubu naho amashirahamwe ahingura akadandaza amata niyo ashikiriwe mu bikorwa bijanye n’ukumenyekanishwa n’abaririmvyi.

Ku bakurikiye urubuga rwa Instagram rw’umuririmvyi Kirikou Akili, barabonye ko uwo muririmvyi aheruka gushirako ishusho afise amata mu ntoke yo mw’ihinguriro Natura, iryo naryo rikaba risanzwe rihingura amata.

Ntiharamenyekana nimba hari amasezerano bashizeko umukono, ariko ikizwi co nuko mushobora gukorana n’ayo mashirahamwe mu gu Posta ibikorwa vyabo, mu gaharura ku ncuro bikozwe, noneho akaba ariho mubasha kurihwa amafaranga, gutyo ibijanye n’amasezerano y’igihe kirekire bikaba bishizweku ruhande.

Mwomenya ko uwo mukenyuro wo kudakora amasezerano y’igihe kirekire ugize igihe ukenyurwa n’abatari bake, cane cane abasanzwe bakora ivya Beating, aho bamaze gukorana n’abaririmvyi n’abamenyeshamakuru batari bake.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036