IKIRUNDI_news

Alvin Smith ngo yarasize amaboko hejuru, Natacha ntibangana

Alvin ngo abagomba guhangana na Natacha ngo nibacire birarura, ivyo uwo muririmvyi akaba aheruka kubiyagira mugenzi wacu akorera urubuga rwa Youtube Star TV 257. 

Mu kiyago bagiranye ku musi w’ejo, uwo muririmvyi avuga ko we yemera Natacha ukuri kwamya, kuko ngo amuruta kandi batanganya ubuzima arico gituma atashobora kwigereranya nawe.

Muri ico kiyago nyene akaba yanaboneyeho akaryo ko kubwira abandi bose basanzwe bashaka kunyinyurana n’uwo muririmvyi ko boshira hasi ako kanyarigabo ahubwo bashire amaboko hejuru, kugira ni hagira ico bashaka guterereza noneho ngo bagende basabe.

Kubwa Alvin ngo Natacha Ngendabanka ntabayeho ubuzima bwa hano iwacu nkuko yabandanije abivuga, ariko ngo ubuzima abayemwo burenze ukwemera.

Mwomenya ko ivyo abishikirije inyuma y’uguhabwa amafaranga 100,000 yari yamusavye inyuma yaho amutwariye ikibanza ca 1 muri Top10 ya BETV, aho Natacha yari yahawe agashimwe k’amafaranga 300,000 vy’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037