IKIRUNDI_news

Mista Champangne agiye kuba uwo munda y’indege?

Abagize ngo ukora iciza ukagisanga Imbere ntibabeshe, kuko ivyo Mista Champagne yakoreye mushiki wa Diamond, bikitswa na Nyina, vyoba ariyo ntandaro y’ibi vyose biriko bimubako.

Muribuka ko hari hagize imisi havugwa cane ivya Mista Champagne n’urugendo arimwo mu barabu mu gisagaca ca Dubai. Aho vyukuri atawarazi ikimujanye, kuko mu kugenda atigeze atomora neza vyukuri ikimujanye.

Uwo muririmvyi mu gatondo k’uno musi yasangije abakurikirana urubuga rwiwe rwa Facebook ikintu nyezina cari camujanyeyo, aho yamenyesheje ko icamujanye muri ico gihugu c’abarabu ngo n’ukuganira n’abarongozi ba Agence de Voyage. Gusa ntiharamenyekana akazi bazokorana, kuko muvyo yanditse atatomoye neza ico bazokorana.

Iyo Deal ikaba ibonetse inyuma y’iyo yaronse muri kenya, kubera ivyo yakoreye Mama Diamond, igihe yari mu rugendo muri Tanzania, noneho bamubonye bashima gukorana nawe.

Mwomenya ko uwo muririmvyi nyene muri ino misi amaze muri ico gisagara yari yamenyesheje ko yashikiye mw’ihotel ariha amafaranga angana n’2,400,000 fbu ku musi. Ariko bikaba vyateye amakenga atari make.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037