IKIRUNDI_news

Ku musi nkuyu mu mwaka uheze, Nziza Desire yarafise akanyamuneza gakomeye 

Icari kuba umusi w’akanyamuneza, n’umusi w’umubabaro ku batari bake bakunda bakurikiranira hafi umuziki w’umukambwe Nziza Desire, kuko mu mwaka uheze mu magenekerezo nkaya kuriwe n’abamukunda bose wari umunezero udasanzwe.

Ku musi nkuyu mu mwaka uheze, Nziza Desire yari afise umunezero utagira izina kuko wari umusi wiwe, umusi yari aramutse ashinga urugo n’uwo bari bamaze imisi baganira kuzobana ubuzima bwabo bwose, umuhisi Nziza Bijoux.

Ico gihe abaririmvyi, ibimenyeshamakuru vyaba ivyaha iwacu co kimwe n’ivyo mu karere bikurikiranira hafi ivy’uwo muririmvyi vyaratangaje iyo nkuru yari igize igihe ivugirwa mu ntamatama ko buca arushinga. Naho injavyi zo zitabuze, zivuga ko hari uwo yivye umukunzi.

Mu biyago yaragize imisi atanga atwenza abantu, yaranashikirije ko imyambaro bazambara kuri uwo musi azoba ari imyambaro y’agatangaza, kuko imwe bayitera imiti igahindura amabara, iyindi nayo izoba ari iy’abamikazi kuko yakuwe kure cane.

S’ico gusa kuko iyo asanzwe yisumamwo i Manamba, Nziza Desire asanzwe ari inyakamwe, yavuga ko mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe, uwo mukunzi wiwe azoca amusangayo ngo bikunde basangire ico Imana yamuhezagije muri ayo mahanga yasuhukiyemwo.

Kuri uwo musi, habonetse abaririmvyi batari bake barimwo abo mu runganywe rwiwe bamubera abasore bo mu rubanza bakunze kwita aba Garçons d’honneur, barimwo Lolilo. Uwo musi wari uw’intibagiranwa vyukuri ku mpande zose zari zivuyemwo abageni kuko wari umusi imiryango ibiri igiye kwungwa n’ubucuti bw’intahava, bivuye ku Desire na Bijoux.

Kuri uyu musi Hari hakwiye umwaka wose uwo muririmvyi ashinze urwiwe, yasangije abakurikirana Instagram yiwe Ishusho Aho habonetse amatariki abiri, iry’uyu musi hamwe n’iry’umwaka uheze, kuri Aya matariko nyene. Bishoboka ko hari mu Ntumbero zo kwibuka uwu musi.

Mukibukako uwo mwigeme Imana yadukunze cane kuturusha, kuko yashengeye I bukama azize ingwara yamutwaye haheze igihe Ari mu bitaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037