IKIRUNDI_news

Abayoboke ba Sat-b n’aba Big Fizzo basubiranyemwo

Ku musi w’ejo I Kigali mu Rwanda ku rubuga rwa youtube rw’ikiganiro The choice Live c’imboneshakure Isibo Tv ya Bruce Melodie, haciye ikiganiro cabonetsemwo umuririmvyikazi Marina arikumwe n’abana basubiyemwo indirimbo yiwe.

Abo bana indirimbo babashiriyemwo ngo batambe babashiriyemwo indirimbo Hug me ya Sat-b na Otile Brown, umwe murabo bana aratamba birakomera.

Sat-b mu gushima, ntiyaretse kwisabira abana ngo bazobamurungikire I Bujumbura abahe Uburobe n’umukeke. Biba bihuriranye n’uko Mugani ngo yavuze ko iyo ndirimbo yiwe ari Uburobe, niko guca iryo jambo ryifashishwa n’urubuga rwa Instagram rwitwa Yassin rusanzwe ruzwiko kuba hafi ya Big Fizzo.

Mu gihe Yassin arikoresheje mu kubwira Sat-b “Ubazimane #bulobe ”, Umuyoboke wa Sat-b ntiyatevye gukurikira, aho nawe yamwishuye “@yassinand1 ivyo n’ibimaramare.”

Ivyo bikaba bije bikurikira intambara yari igize imisi ivugwa, hagati ya Sat-b na Big Fizzo kubera indirimbo baheruka kwumvikanamwo, Sat-b muri Hug me na Big Fizzo muri Affection ya Olga, aho hariko havugwa ko Sat-b yaguze Views, ariko ngo ba Big Fizzo bazogenda buke buke mpaka bashitse naho bafise Views nke ugereranije n’iyo iyo yindi igeze.

Mwomenya ko Hug Me igeze kuri Views 554,000 kuri Youtube, nayo Affection ya Olga na Big Fizzo igeze kuri Views 61,000 kuri Youtube ya Olga Lorrie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037