IKIRUNDI_news

Jisho w’I Burundi bamukubise Moya Mbili, none instagram fyee

Akavuze Simbizi wa semavumba, Jisho Reigns yahavuye yitwa Jisho w’I Burundi bamukubise Moya Mbili, urubuga rwiwe rwa Instagram baba bararutwaye. 

Abantu batabashije kumenyekana nibo baheruka gutwara urubuga rwa Instagram rwa Jisho Reigns rwari rumaze gushikana abantu 40,000 barukurikirana.

Iyo nkuru y’umubabaro ku bakunzi b’ama Mêmes asanzwe akora, yamenyekanye haraheze imisi 3 aho bagiye babona urundi rubuga rushasha rwa Jisho w’iburundi avuga ko yatwawe urubuga yahora akoresha, anasangiza abamukurikirana ishusho ryerekana ivyo Instagram yamwandikiye aho yagerageza kwinjiramwo, ariko Facebook yo ntaco yigeze avuga ko coba cayishikiye, kuko yo iraboneka mu gihe iyo yindi yo n’ubwo uja kuyirondera udapfa uyitoye.

Mu misi itatu abantu batari bake bakaba baragerageje guhanahana iryo shusho kugira bamufashe guhimiriza abantu basubire kandi baje kumukurikirana, none abarenga 2000 bakaba bamaze kwitaba ubwo butumire baja kumukurikirana.

Ubwo namwe tukaba tubararikiye niwaba uri mu bakunda aba Memes ya hano iwacu kuja kumukurikirana kuko ata kamucika, buri gihe aguma ari maso.

Mwomenya ko iryo bara atariwe rishikiye wenyene kuko abandi nka Hosy irakoze nawe yatwaye iyari ifise abarenga 17,000 igenda amazimayongo, nayo Nella Neth we iyari ifise abarenga 120,000 bakaba barayitwaye ariko agira Imana iragaruka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037