IKIRUNDI_news

Preeze ahanurwa gusohora Album muri bino bihe

Uyu ngo woba ariwo Mwanya mwiza wo gushira hanze Album, izo ni impanuro ziheruka guhabwa umuririmvyi Preeze n’umuririmvyi Pechie biciye ku rubuga rwa Instagram asanzwe akoresha.

Uwo muririmvyi mu butumwa yanditse yavuze ko uwo muririmvyi Preeze igituma aka ariko kanya ko gushira ahabona indirimbo, ngo nuko ariko avugwa cane aho hanze, ngo n’abatahora bamushigikira ngo uno musi bariko baramuvuga.

Yagize ati : “ Preeze36 sohora Album bro, chance yawe ntuyipfishe ubusa Promotion wari warabuze urayironse gratuit. Town yose ni wewe n’abatahora ba Partagea Link z’indirimbo zawe bariko ba Partage izina ryawe, waronse Boost ya Gratuit Abarundi nuko tubana. ”

Ivyo akaba abishikirije mu gihe uwo muririmvyi mugenzi we ariko aragwana ngo yezwe ku biriko biramuvugwako, aho we na Quartier abamwo ya Mutanga yabaye iciro ry’umugani ku mbuga ngurukanabumenyi kubera icaha c’ugufata ku nguvu ariko yagirizwa kuva aho habonekeye inkuru y’uwitwa Cubahiro avuga ko yafashwe ku nguvu.

Mwomenya mu gihe uwo muririmvyi avuze ivyo, Preeze nawe nyene yariko asaba abafana kuja gukora Subscribe kuri Youtue Chanel yiwe, bishoboka ko hari igikorwa yariko aritegurira gushira ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037