IKIRUNDI_news

Big Fizzo yahinduye gahunda ya Olga

Ivya Affection ngo vyazanye Big Fizzo, kuri Olga ngo ntivyari ivyo, kuko we yarashaka ko bakorana iyindi atari Affection, ivyo uwo muririmvyikazi akaba yabiyagiye bagenzi bacu bakorera imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyikazi yavuze ko akija kurondera mugani ngo yipfuza ko bazokorana amasanamu y’indirimbo bakoranye akiri mu Rwanda, iyo nayo s’iyindi ni Me and You.

Uwo muririmvyi muri ico kiyago yagiranye na Juste, yavuze ko Big Fizzo ngo yamuhanuye ko bokorana iyindi ndirimbo gutyo abe ariyo bakorana amasanamu, kuko uwo muririmvyikazi nico yariko arashaka kurondera mu ntango.

Ikindi yavuze kuri Big Fizzo uwo muririmvyikazi nuko ngo ari mu baririmvyi batazi gukora nk’abikurako, ariko ngo abikorana umutima wose ivyo yemeye. Aho akaba yavuze ko uwo muririmvyi yafashe agatebe akicara mpaka yumvise iyo ndirimbo ikozwe neza.

Mwomenya ko iyo ndirimbo Affection bahavuye bakorana, uno musi igeze kuri Views 70,000, ikaba ibaye indirimbo ya mbere ya Olga ishikanye izo Views mu mwanya muto nkuwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037