IKIRUNDI_news

Ivya Diamond na Harmonize ngo vyakemuwe n’umuhisi

Harmonize avuye muri Amerika muri Tours yaramazemwo igihe kitari gito, yashitse yatsa umuriro bizogorana ko uzima kubera ivyo yavugiye ku kibuga c’indege.

Uwo muririmvyi azwiko gukorera musi y’uburongozi bwa Diamond Platnumz igihe kitari gito, yamenye amabanga atari make mu bijanye n’uburyo yabaye mu muryango wa WCB igihe cose yamazeyo.

Muvyo yagarutseko yavuze ko bwa bundi kugira bamuhe urwandiko rwemeza ko atakirimwo muri WCB kugira abandanye ubuzima, ngo vyabanje kujamwo umukuru w’igihugu, abanje kumwitabaza kugira amufashe muri ico kibazo kuko vyari vyanse.

Uwo muririmvyi yavuze ko bamusavye Imiliyoni 600 kugira bamuhe urwo rupapuro. Ahejeje kuyariha, nahone abanje gusaba amadeni hirya no hino, babandanya bamujuragiza ngo kuko bavuga ko barumuhaye yaca aja guca amahera, ivyabaye kuko abamuhaye amahera bari abo bagira bakorane mu bijanye n’ukumenyekanisha ibikorwa vyabo.

Uwo muririmvyi ngo abonye Diamond agiyekuja muri Amerika atamuhaye urwo rupapuro, yahavuye akora ku rutsinda ahamagara umukuru w’igihugu amwiganira ayo agowe. Uwo mutware yadukuwemwo n’umukama ngo yaciye atanga itegeko, abari bagira bafate rutema ibirere babanza kuja gutanga urupapuro imbere yuko bafata indege.

Ivyo n’ibindi vyinshi uwo muririmvyi akaba abishikirije ngo kugira yereke abafana biwe ko naho bagerageza kwerekana ko ariwe mubi, ngo siwe mubi kuko we ivyo yashaka muri vyose ngo rwari urukundo naho atahavuye aruronka muri uwo muryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037