IKIRUNDI_news

Amasanamu ya Kora yatebejwe n’umwambaro w’igisirikare  

Umwanya uri hagati y’isohorwa ry’amasanamu y’indirimbo Kora, hamwe n’ishirwa ahabona ry’amajwi yayo haraheze amezi 2 ngo s’ikindi n’uruhusha rwari rwabuze.

Mu kiganiro na Siren Vibes, B Face yavuze ko icatumye amasanamu y’iyo ndirimbo ateba gushirwa ahabona ngo nuko uwo muririmvyi yari yasavye uruhusha ngo akoreshe umwambaro w’igisirikare c’Uburundi , noneho uruhusha canke kumwankira ngo biteba gusohoka.

Muri ico kiganiro nyene, B face yavuze ko urwo ruhusha yarurindiriye umwanya urenga ukwezi kwose, ariko bikaza kuvamwo ntibikunda, icatumye aca yiyaranje ukundi, kugira iciyumviro c’ukwerekana ishaka gishirwe ahabona.

“Ni video yacerewe, jewe nategura ko Audio isohotse uno musi Video ikurikirana nk’inyuma y’indwi zibiri canke indwi imwe. Yatevye kubera image imwe nari nkeneye nasavye barangora kuyironka, ni Image nari nkeneye impuzu z’igisoda, uruhusha rwananiranye gose, ndarurindira hafi nk’ukwezi kwose kurenga, Clip ibindi vyose nabihejeje hasigaye imwe gusa. “

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036