IKIRUNDI_news

Nziza Desire abarizwa muri Tanzania

Abakunze gukurikirana umuririmvyi Nziza Desire, muraherutse kubona amashusho yiwe mashasha ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Kirya kibanza yarimwo ngo si muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

Amakuru dukesha Manager yiwe I Kigali, Martin Kelly l’international ngo uwo muririmvyi Ari muri Tanzania muri uno mwanya. Ayandi makuru twaronse an’uko uwo muririmvyi ngo Afise Collabo ariko arakora muri Tanzania, Kandi ngo akaba akorana n’umuririmvyi akomeye cane.

Ayo makuru nyene dukesha isoko ryacu ritashimye ko turivuga, ngo uwo muririmvyi ngo iyo Collabo yoba yayikoranye na Diamond canke na Harmonize.

Ivyo bikaba biruko mu gihe Hari ayandi makuru azwi ko Hari Indirimbo Umuyabaga azokorera I Kigali muri uku kwezi kwa 12, Aho uwo muririmvyi nyene ngo azokorana n’umuririmvyi akomeye, ariko wewe isoko ryacu rikaba ryanse kumuvuga.

Twibukanya ko Uwo muririmvyi Nziza Desire uno musi aharurwa mu banyamerika bafise amamuko mu gihugu c’Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037