IKIRUNDI_news

Spok’s yafatiwe mu Rwanda

Mu gihe umuririmvyi Spok’s asanzwe ari n’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru BETV ari I Kigali aho yagiye ajanywe n’ibikorwa bitandukanye ariko kandi birimwo n’akaruhuko, uwo muririmvyi ngo yafatiwe I Kigali.

Muri Video yakoze agasangiza abamukurikira, uwo muririmvyi yavuze ko muri kino gihe ari muco I Kigali mu Rwanda bita mu Kato, Confinement mu kinyamazuru.

Uwo muririmvyi yavuze muri iyo video ko ivyari vyamujanye I Kigali bitabaye bigikunda, ahubwo ngo yaciye afatwa mpiri inyuma y’ukwururuka ku kibuga c’indege, akisangana ivyo atari azi ko afise.

Uwo muririmvyi yafashe urugendo avuye hano iwacu, ngo ashitse ku kibuga c’indege ca Kigali bamaze kumupima bamusanze arimwo uwa mugera w’ingwara ya COVID-19, uwo muririmvyi akaba yaciye ashirwa muri imwe mu ma hotel yabugenewe ngo abandanye yivuze. Mukamenya ko ubu kugira ufate indege ubanza kuba ufise urupapuro rwemeza ko utarwaye ico kiza.

Ivyo uwo muririmvyi bikaba bimubayeko inyuma yaho Kigali ifatiye ingingo zimwe zimwe zirimwo kumarana abantu imisi mu kato kugira babasuzume ivy’ubuzima bwabo kubera wa mugera mushasha wa COVID uteye ubwoba isi uriko urakwiragira cane hirya no hino.

Muri iyo Video yasangije abantu, uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko imisi amaze yugaranye ngo kabaye akanya keza ko kuruhuka, kuganira n’abantu, kwiyumvira no kwandika indirimbo, ubu akaba avuga ko abantu bokwitega indirimbo nshasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037