IKIRUNDI_news

Urukundo abaririmvyi bariko berekana mu gushigikira Laurette Tetero rushobora gushikana Uburundi kure

 

Amashirahamwe y’abakenyezi mu Burundi ngo ni menshi, kandi akagira incuti nyinshi  mu makungu , mu gihe yova hasi agashigikira uwo murundikazi  nkuko bakunze kubikora mu kwiyamiriza amabi abakorerwa, ngo nta nkeka ibendera ry’Uburundi ryohungabana cane mu bufaransa.

 

Nti mutangwe gutora no guha amahirwe uwo murundikazi muciye kuri iyo link iri musi.

https://musique.rfi.fr/prix-decouvertes/vote

Ayo ni amwe mu majambo yakoreshejwe n’umwe mu bakunzi b’umuziki ndundi mu gukangurira abarundikazi gufatira ngaho kugira ntibikumire mu gushigikira TETERO umurundikazi umwe yoba ashikanye ikirenge mu ca Canjo Amissi.

 

Mu gihe hasigaye imisi iharurwa ku ntoke kugira ihiganwa Prix decouvertes ritegurwa n’i Radio y’abafaransa rfi, Laurette Tetero umurundi umwe arimwo abandanya gushigikirwa n’abaririmvyi bagenziwe.

Inyuma yaho B face na Andy Mwag bahimirije abakunzi babo gatora uwo muririmvyikazi, Sat B , Mkombozi ,Masterland, n’abandi nti batanzwe kwerekana urwo Rukundo, narirya ngo hatowe umurundi ari Uburundi buzoba bumenyekanye mu makungu.

Mbega ako gashimwe ka rfi koba gafise agaciro Kangana, hoho koba gafise akamaro kaboneka ku muririmvyi canke  ku gihugu? Ni mu makuru yacu yo hanyuma, tukazoba ido nido y’amamuko ndetse n’akamaro.

Indundi Magazine ikaba imwifurije gutahukana akambere muri iryo higanwa ndetse inakangurira abakuzi bayo kumuhunda amajwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036