IKIRUNDI_news

Ibisabwa harimwo n’akanoti ku bazokwitoza muri Amical des Musiciens vyashizwe ahabona

 

 Ishirahamwe ry’abaririmvyi Amical des Musiciens, rimaze igihe rirongowe  ivyimfata kibanza na Romeo Ininahazwe ico kiringo kikazorangira igenekerezo rya 28 Kigarama 2021, hakaba ari kuri iyo mvo rero amatora agiye gutegurwa, hatorwe uwuzoriramutswa  nyezina.

 

Nkuko biri mw’itangazo ryasohowe hakenewe umurongozi n’icegera ciwe Ibisabwa kugira witoze ni uko ubanza kuba uri umunywanyi w’iryoshirahamwe,

1:Intererano itangwa ku kwezi yuko uyikurikiza, 2:Ikete ryogusaba kw’itoza,

3:Umwidondoro mu mwuga ,

4: Imigambi ugiye gukorera ishirahamwe n’ingene uzoyirangura,

5: Amafaranga 250 000fbu yo kuja mu kigega utazosubizwa ariko kuwitoza kuba icegera n’amafaranga 200 000fbu.

Mu burongozi bwa Romeo bakaba bahaye ikaze uwo wese akwiza ibisabwa n’amategeko kw’iyandikisha bikaba vyatanguye igenekerezo rya 6 Kigarama 2021, bikazorangira igenekerezo rya 14 Kigarama 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037