IKIRUNDI_news

Kingorongoro ngo ivya be na Amir Pro ngo uko muvyumva siko biri

Muri ino ndwi buca turangiza, umuririmvyi magic kingorongoro aheruka gushikiriza ko yatandukanye na Management bari bagize imisi bakorana ariyo MA Production, iyo ngingo ntihigeze hamenyeshwa impamvu yafashwe, canke nimba amasezerano yaheze.

Mu kiganiro na Isanamu Tv, uwo muririmvyi asanzwe muri kino gihe ata nzu afise abarizwamwo, yagarutse ku mubano yagiranye na M.A Production, anashikiriza imigambi afise ya kazoza, n’ico yibaza kuri uwo muhinyanyuzi bari bamaze hafi imyaka 2 bakorana.

Kingorongoro yavuze ko umwanya warugeze kugira ave muri M.A Production, ariko kandi anavuga ko ata kabi yabonyeyo. Kingorongoro yanavuze ko uwo muhinyanyuzi yamwigishije vyinshi birimwo kwihangana n’ukudata umunwa.

Yagize ati :“Ni vyinshi Amir yanyigishije, yanyigishije kwihangana, avuga ati umwanya wawe niwagera ibikorwa bizoja ahabona. Niyo mpamvu mutigeze mubona Kingorongoro ariko aravuga amajambo menshi ngo ndiko ndavetera nkuko benshi bansanga inbox babimbwira batazi uko nashitse kwa Amir.”

Muri ico kiganiro nyene, Kingorongoro yavuze ko ivyo abantu bibazo ku buryo yashitse muri M.A Production ngo bitandukanye cane n’ukuri kuri muri ivyo bintu, kuko ngo niwe yirondereye Amir kugira amufashe, bitandukanye n’uko asanzwe akora, kuko ngo ashigikira abakiri bato.

Kingorongoro muri ico kiyago yavuze ko abantu bobandanya bitega irya Logo ya M.A Production, kuko hari ibikorwa vyinshi bikiri inyuma biriko birakorwa muri MA Production.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ngo yaramaze gukorera muri MA Production ibikorwa bigera ku 7, birimwo ama Collabo, ama Audio co kimwe n’amasanamu 2.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037