IKIRUNDI_news

Nish ngo habuze gato abitwarire

Ku bakurikiranira hafi ivya Nish n’umuziki wiwe, mwaramenye ivy’ifoto yakwirakwijwe hirya no hino mu misi iheze, aho yamwerekana ngo haboneka agahuzu ko musi.

Bwa bundi uwakwirakwije iyo foto ngo yaramumenye, ivyo uwo muririmvyikazi akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro aheruka guha imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyikazi yavuze ko habuze akantu kangana Urwara, ngo yiture ubutungane kuko uwakoze iyo foto ngo yakoze ico bita kumwararaza kandi ico gikorwa kirahanwa hano iwacu. Nish ntiyagarukiye ngaho kuko yavuze ko kandi uwabikoze ashobora kuba arico cari camujanye muri birya birori, kuko ata handi hantu na hamwe mu bafotoye uwo musi yabashije kubona foto isusa n’iyo yakwirakwijwe.

Nish muri ico kiyago na Siren Vibe, yavuze ko yamaze umusi wose adahonyoza ikirenge hanze, kubera iyo foto, uwo muririmvyikazi kandi akaba yanavuze ko gushika ubu hari abantu yubaha cane ataraja gukora mu ntoke kubera isoni n’ubwoba.

Uwo musi ngo yakiriye ama telephone menshi gose, arimwo aya abamukurikiranira hafi, Management, n’abandi batandukanye ngo bamubaza ivy’iyo foto babonye.

Mukamenya ko Nish ngo atari yateguye gukora Playback, ariko vyahindukiye ku kibuga, naho atashimye kubivugako vyinshi, aho yavuze ko ngo we ariko arakora Live adatamba cane kuri Stage, ariko ico gihe ngo kuko yari Playback ngo n’abafana baramusajije noneho yisanga yagiye muri Mood.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037