IKIRUNDI_news

Cedric bangy yahambije KImana Stein na Big Basse mu matora muri AMB

Inyuma y’ukwugururira imiryango abipfuza kwitoza mu nzego zitandukanye zitwara ishirahamwe ry’abanyabuhinga b’abarundi, AMB, Cedric Bangy nawe yashikije ivyo yari yemeye haraheze imisi ko azokwitoza mu kibanza c’ugutwara iryo shirahamwe.

AKoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, Bangy yamenyesheje ko kuri uyu wa mbere igenekerezo rua 14/12 ariho yatanga ibisabwa ngo abashe kuja mu gitigiri c’abazitoza mu kibanza c’uwuzorongora iryo shirahamwe rya AMB.

Mu mashusho yakoresheje kuri urwo rubuga rwiwe hakaba habonetsemwo Screenshoot y’ivyo Romeo Ininahazwe asanzwe arongoye iryo shirahamwe vy’imfatakibanza nawe yasangije abamukurikirana ko yakiriye Dossier ya Cedric bangy, n’amafaranga basanzwe ngo yamaze gushika mu bigega vy’iryo shirahamwe. Muri ubwo butumwa yanamwipfurije intsinzi ariko kandi bagume mu murongo w’ubumwe bwamye bubaranga.

Ico kibanza kikaba kiriko gihiganirwa na benshi, abamaze kuboneka bamaze gukwiza ibisabwa harimwo umutambukanyi wa Mugani Desire, Kimana Edith Stein, hamwe na Big Base nawe asanzwe mu bijanye n’uguhinyanyura indirimbo.

Mukamenya ko mu bisanzwe uwushaka kwitoza, harimwo ingwati y’amafaranga 250,000 bidasubizwa, ku uri umunyamuryango wa AMB, kuba waraterereye uwo muryango mu kiringo c’amezi 11 aheze muri uno mwaka, kuba ufise umugambi kuri iryo shirahamwe n’ukuntu uzoshirwa mu ngiro, kwandika ikete ryo gusaba kwitoza, hamwe no kuba ufise umwidondoro ico mu kinyamazuru bise CV artistique.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037