IKIRUNDI_news

Fleury na Bahavu Jeanette bagize ibanga ivuka ry’imfura yabo

Ya mfura ya Fleury legend, umuhinyanyuzi w’Umurundi agize igihe anyiganza Kigali, yari imaze igihe irindiriwe n’umuryango co kimwe n’abakunzi b’ibikorwa vyabo, ngo yaramaze gushika.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, avuga ko uwo muryango wa Fleury na Jeanette Bahavu, ngo wahawe imfura yabo ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11/12, ariko uwo muryango ukaba wari wabigize ibanga rikomeye, kuko ataho bigeze babivuga.

Uwo muryango ukaa usanzwe ari nawo ufise mu minwe ireresi rigize igihe rikunzwe haba hano iwacu no mu gihugu kibanyi c’Urwanda, Impanga, ricishwa kuri Youtube co kimwe no ku mboneshakure y’igihugu c’Urwanda, RBA.

Legend asanzwe ariwe muhinyanyuzi w’iryo reresi, rikandikwa n’umutambukanyi wiwe Jeannette Bahavu, akaba yamenyekanye cane inyuma yaho yungururije ibikorwa vyiwe muri ico gihugu c’Urwanda, ariko na hano akaba yarakoranye n’abaririmvyi batari bake.

Uno musi Fleury akaba ari mu bahinyanyuzi 10 bakorera mu Rwanda bakora indirimbo nziza, akaba kandi no mu Barundi 5 bakora ibikora inka I Kigali mu Rwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037