homepageIKIRUNDI_news

Umugabo yigize umuganga ngo bikunde yirabire ibihimba vy’irondoka vy’abagore

Birazwi ko abagore bahitamwo kuja ku muganga w’umugabo gusumba umuganga w’umugore, mu gihe ari umuganga azwi mu kinyamazuru nk’umu gynecologue.

Mu butaliyano, umugabo w’imyaka 40 y’amavuko yafashwe n’igipolisi arafungwa, azira kwiyitirira kuba umuganga avura abagore. Uwo mugabo akaba yivye ama Dossier atari make y’abagore kwa muganga noneho atangura kubarondera abaganiriza, ababwira amakuru atariyo ku bijanye n’amagara yabo.

Uwa mugabo yafashwe ngo yahamagara abo bagore akoresheje inimero bita Private Number, noneho akababaza ko baheruka kwipimisha ibijanye n’ingwara zifata ibihimba vy’irondoka, noneho akababwira ko bokoresha Zoom canke Hangout kugira abone ibihimba vyabo vy’irondoka noneho abashe kugira ico avuze ku burwara yaba ariko arabavugako. Nkuko vyashikirijwe n’uwamureze.

Abagore yafashwe amaze gukorera iryo bara bakaba ngo bagera ku 400 nkuko ikinyamakuru co mu gihugu c’Ububirigi dukesha ino nkuru kibishikiriza.

Iryo bara rikaba ritabaye mu butaliyano gusa, kuko hano iwacu hari abahora bagirwako ibiteye isoni n’abaganga b’abagabo babavura, nkuko biheruka gushikirizwa n’umwe muribo yatanze igishingantahe kuri Instagram ya Bestof257.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686