IKIRUNDI_news

Habonetse masque yaka iyo wafashwe n’umugera wa ca kiza Corona 

Uko imisi igenda, niko uburyo bwo gupima ikiza ca Corona Virus bubandanya bwiyongera. Hampande y’agati bacisha mu zuru no mu kanwa, no mu gisusu ku bihugu bimwe bimwe hamwe n’utwo bakoresha amate, ubu naho ngo habonetse masque ishobora gukoreshwa mu kumenya ko uwo mugera wamaze gushika mu mubiri wawe. 

Mu Buyapani muri imwe mu ma kamenuza ico gihugu gifise, hatowe ubuhinga bwo gukoresha abasoda b’umubiri b’igikoko citwa Autruche, bagashirwa ku gatambara gashirwa muri Masque noneho uwuhemeyemwo afise uwo mugera, iyo masque igaheza igaca yaka, akamenya ko yanduye. Ariko ivyo bikaboneka iyo ari ku muco bitwa Ultraviolet.

Yasuhiro Tsukamoto umwe mu batwara umugwi uriko urakora ubwo bushashatsi, uvuga ko bakiriko barakora amageragezwa, kugira babone ko iyo Masque ikora neza. Hamaze gukorwa igeragezwa ku bashika 32 mu misi 10, aho vyabonetse ko ukwaka bigabanuka, uko uwo mugera ubandanya ugabanuka mu mubiri. Ubu bakaba bashaka kuzokorera ubwo bushakashatsi ku bagera 150.

Uwo mugwi ukaba ubandanya ubushakashatsi, ukizera ko uzoshobora kuronka uruhusha rwo gutangura gukora izo Masque ku bwinshi kugira zidandazwe mu mwaka uza wa 2022, kugira bikunde bifashe abantu kumenya ko bagwaye.

Mwomenya ko umuyobozi w’iyo kamenuza iriko irakora ubwo bushakashatsi nawe yabashije kubona ko yafashwe n’uwo mugera kubera iyo Masque bariko bagerageza gushira ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037