IKIRUNDI_news

Diamond Platnumz ngo yoba yiganye Rick Ross ngo yiyegereze Hamissa Mobetto

Mu misi iheze umuririmvyi Nasib Abdoul Juma yarashize ahabona Company nshasha yashizemwo amafaranga, iyo nayo ikaba ari WASAFI Bet uno musi ihabwa amahigwe atari make.

Mu ndwi iheze aho uwo muririmvyi yashira ahabona iyo Company yabonetse afise ubwanwa atarakunze kuboneka afise, ubwo nabwo bukaba ari ubwo ku matama, nkuko ababikurikiranye babibonye.

Ubwo bwanwa bukaba bwatanguye kwibazwaho cane kuko bavuga ko busa n’ubwa Rick Ross agize imisi ari mu bucuti budasanzwe na Hamissa Mobeto nawe yigeze kuba umuhabara wa Diamond Platnumz bakanavyarana umwana.

Bamwe bakaba bavuga ko yoba yabikoze ngo bikunde asubire kandi aronke akaryo ko kwiyegereza uwo mwigeme asigaye ari n’umuririmvyikazi, kuko gushika ubu ubucuti bwabo buhuriye ku mwana bavyaranye gusa.

Ivyo ariko kandi bikaba biriko vyiyumvirwa mu gihe uwo mwigeme aheruka gushikiriza ko ivyo akora vyose birimwo kuba kumwe na Rick Ross atabikora ngo ahime uwo bavyaranye ariwe Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond Platnumz.

Mwomenya ko abo bagabo uko ari 2, Diamond na Rick Ross bamaze gukorana indirimbo, ariko ubu bikaba bivugwa ko boba badacaa uwaha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037