IKIRUNDI_news

Natacha ngo atumye Alvin Smith uno musi aza kurarana ibirato 

Alvin uno musi ngo aryamana ibirato, kubera ivyo umuririmvyikazi Natacha yamukoreye, aho n’inyuma yaho bahuriye mu birori vy’itangwa ry’ubushimwe muri rya higanwa Platformshow Awards 2021. 

Kuri uyu wa gatandatu, uwo muririmvyi yasangije abarenga 40,000 bakurikirana urubuga rwiwe rwa Instagram, video arikumwe na Natacha Ngendabanka benshi bazi nka La Number. Mu bagize ico bashikiriza kuri iyo Video na Natacha ubwiwe arimwo.

Imbere yuko agira ico avuze kuri izo Video, uwo muririmvyikazi yabanje kwanza kumukurikirana kuri urwo rubuga rwiwe, noneho yiyongera kuri bamwe 40,000 bari basanzwe bamukurikirana Alvin. Ariko we akaba yari asanzwe amukurikirana nkuko vyabonetse kuri Status ya whatsapp ya Alvin Smith.

Alvin akaba yanditse ati : “ Eeeeh miye elle commence à me suivre, asha apa Buterere sirudi. ”

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho abereye uwa mbere muri TOP10, agahabwa amafaranga 300,000, noneho agahanyurirako Alvin Smith yari yisabiye 100,000 kugira aje kwigurira igitoro mu modoka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037