IKIRUNDI_news

Clementine Kavy yashaka kwigenga mu kuva muri Empire Avenue

Ngo arafise Management isanzwe ikurikirana ivyiwe, yitwa Free Way, naho akiva muri Empire Avenue yahatswe kwibako.

Mu kiganiro kuri Magic Chanel Tv, umuririmvyikazi Kavyinabuhiye Clementine benshi bazi nka Clementine Kavy yavuze ko ata ntambara yabaye mu kuva muri Empire Avenue kwa Sat-b.

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyikazi yavuze ko icatumye ashima gukinjura, ngo nuko yashaka kwikorana, adafashwe n’abandi, Kandi atarikumwe n’abandi Bantu yumva umengo baramunyoha.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe mugenziwe Miss Erica yari yarasigayeyo ariko akaza kuvayo mu nyuma nawe yaheruka gushikiriza ko kimwe mu bibazo yahuriye muri Empire aruko ngo batamenyekanisha ibikorwa vyiwe nkuko bikorwa kuribo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037