IKIRUNDI_news

Kubwa Olga ngo amafaranga aza imbere y’umugabo

Ku rubuga rwa WhatsApp rw’umuririmvyikazi Belle Nice, mu gice ca Storie, haheruka kuboneka urwandiko Aho yavuga ko ngo abakobwa borondera amahera kugira bahe abagabo babo, nay’ahandi ngo ntibazobona n’iyo baciye.

Mu kiganiro na Isaac Tv, umuririmvyikazi Olga Lorries nawe yabajijwe nimba afise umukunzi, yishura ko muri kino gihe atawe. Yasubiye Kandi kubazwa umuhungu akunda uko ameze avuga ko uwoboneka wese ngo yomwakiriza yompi.

Naho ashima kwakira uwo umukama yomuha, avuga ko kimwe muvyo ashaka nuko azoba akenye, ngo kuko bitokunda ko babana Bose bakenye.

Muri ico kiganiro nyene, Olga yavuze ko hagati y’umugabo n’amafaranga bamuhitishijemwo, ngo ntiyokwiyumvira kabiri, yotora amafaranga umugabo akaja ku ruhande.

Iyo ngingo akaba avuga ko yoyifata kuko ubu afise umwana, ngo uwo akwiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037