Uncategorized

Urwevu: Discipline:Menya uko ibintu biri.

isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uburyi bunyuranye bw’ukurwana inzitizi

Mu gitabu canditswe n’uwitwa Brian Tracy, citwa THE POWER OF SELF-DISCIPLINE aramenyesha ko yagize ubushakashatsi butari buke agerageza kumenya ikintu gituma umuntu ashobora gushika ku masonga( Succés) y’ico cose aba yarihaye nk’ihangiro ( But,objectif).

Afatiye rero ku bo bagiye baraganira bakomakomeye bashoboye gushika kure , ngo baramumenyesheje y’uko mu mabanga yose bafise bomubarira basanze ngo hariho ikintu gikomeye, ikirungo gikomeye kimwe rudende rwa nege, giheza kigatuma iyindi mikenyuro yose iheza igashoboka. Ico naco ni ico bita “self-discipline”, aha mu kirimi c’iwacu tukaba twocita ”ubushobozi umuntu afise muri we nyene bw’ukwiha intumbero y’ubuzima maze agaheza akayumirako bwa kibugu gushika ashike ku masonga.

Eka nawe nyene aratanga insiguro y’iryo jambo, akavuga ati ” Self-discipline is the ability to do what you should do , when you should do it , whether you feel like it or not”. aha bikaboneka ko mu rurimi rwacu umuntu yosigura ko Self-discipline ari ubushobozi umuntu afise bw’ugukora ivyo yategerezwa gukora ,igihe nyene yategerezwa kubikorerako, yaba yumva yashaka canke adashaka kubikora.

Aha rero haraheza hakaza ikibazo umuntu wese yokwibaza , eka kandi mbere n’uwo mwanditsi yibaza muri ico gitabo yanditse: Mbega ni kuko abantu benshi dusanzwe tuzi ivyo twokora , kugira dushike ku masonga mugabo yamara bikaruhira kuduta ku w’amazi?

Mbega ni kukii, tugenda tukiga ibijanye n’ubutunzi , hambavu y’ivyo tugasoma ibitabo, eka noneho ubu hakaba haraje ubuhinga ngurukanabumenyi, yamara ivyo vyose bikaruhira gusa nk’impfa gusa?

Mbega inzitizi ziri hehe? Mbega zoba ziri hanze yacu canke muri twebwe nyene? Abarundi iyo tudashoboye gukora ikintu uraheza ukaza wumva tuvuga duti ” Vyaranse”; vyaranyankiye ‘. Woba urafata akanya ngo wibaze uti ” mbengo ivyo vyanka ni ibiki? Mbega ivyo vyanka, n’ibiri muri twebwe nyene, canke hanze yacu?

Ico kibazo kiri n’akamaro kanini mu buzima bwawe kuko iyo urondera inzitizi ukayironderera ahatariho uraheza ukaguma uzimagirikana , ukaruhira guta inkubire ku bantu, mu kiringo ivyo vyakuganje  aho vyituniye muri wewe nyene biriko biritwengera! Kumbure nya vyayo nyene nivyo bica vyihutira kugufasha gutuma agatoke mugenzawe kugira ngo woye guhava wobica n’ikanda ngo ubikomakome, muri karere vyaritsemwo katagira inkomanzi kuri vyo (Zone de confort).

Mu rwevu twaciye rero n’uko ”self-discipline ari nyabuna ukubasha kugira inguvu z’ugushobora kunyinyurana n’amagorwe y’ibigabo bikwicayemwo, vyakuganje, bikaguca akarimarirenze,bikaguha agatiro k’agahunikiro, bigahindukiza amaso yawe , BIKAKUGANZA( Dominer). Kumbure ni ibigabo birahira bikarengwa ko mu muryango wanyu atawuzoshika ku masonga, kubera ko kuva na kera na rindi muri ba Sogokuruza bawe arivyo vyamye biganza.

Ikibabaje si n’uko vyoba biri uko , ikibabaje n’uko bifise ubwenge bukomeye bw’ukuguhenda , bikakwemeza y’uko aho uri, uko uri, ivyo urimwo ari uko nyene bitegerezwa kugenda ( Statu quo) nawe kari bugunguza ugahava uhereza kuja na rwo naho shwi!!!

Nimba uri umu ”planton” uwu musi, ni kuki ejo utoba ari wewe utwara iryo shirahamwe? Kuki mu myaka 10 utoba nawe ufise abagukorera? Kuki wibaza ko aho nyene uri ariho wategerezwa kuba uri muri iki kiringo nyene? Rumwe mu ruyeri rw’ibishobisho nzitizi  ni ukugutera agahunikiro nka kurya kw’inkoko irwaye agahweka, bikagabanya umuco mu maso yawe maze bikaguca impumyi ikanura,yamara ivyo vyose bikaba mu buryo bwitonze utoca n’ikanda nka kurya kw’imbera ikugazagura bukebuke umuntu , asinziriye ikoresheje   ubuhinga bw’ukuza iraguhuha nk’ukugukanda .iUmukando w’agakandamizo.

Ugasanga rero utarashika kuu masonga y’umusozi uriko ururira, reka kuguma uhaze amaso ibisinde hamwe n’ibitandara ubona n’amaso yawe. Nyabuna inzitizi ziri muri wewe nyene kuko, muri wewe niho hari ibigutuma ubona ivyo bitandara uko ubibona be n’uko uvyita.

Intumbero bifise ni ukugutera ubwoba, bigatunatuna, bikakurimarika maze gutyo bigatuma ubukene buheza bukaruhira gutondera kurya kw’isazi zidateba kuhanyarukira iyo zibonye umubiri utagikomakoma. Abasokuru bavuga bati ” Ugutuna bugatondera”.

Ibintu ntibiri uko biri, biri uko ubibona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55