IKIRUNDI_news

Emery Sun muri uno mwaka wa 2022 agiye gukora ibikora inka mu muziki wa hano iwacu

Emery Sun ngo uno mwaka buca dutangura wa 2022 azokora ibikora inka, kuko imyiteguro yari amazemwo imisi ngo yarangiye ubu hageze ko yerekana ivyavuyemwo.

Mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu, uwo muririmvyi yavuze ko muri uno mwaka wa 2021 usigaje imisi iharurwa ku ntoke ngo uhere, yafashe umwanya mwiza wo gukora indirimbo zitondewe, noneho ngo bikunde agarutse agaruke ata kunyoteza abantu.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi yavuze ko icari catumye atabandanya akora neza, n’uko yasanze umuziki ataco uriko uramwinjiriza, bivuye kuko indirimbo ziwe zitavuzwa, noneho aca abanza kuja kurondera ubuzima ku ruhande kugira bikunde ashobore gukora vyiza.

Emery Sun ngo indirimbo Uburyarya ishobora kuba ari nk’imponjo kuvyo agiye kuzoshira ahabona muri uno mwaka uza wa 2022, aho avuga ko bibaye ngombwa azosohora indirimbo 2 mu kwezi 1.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yari agira akwize umwaka wose ata ndirimbo ashize ahabona, kandi n’imbere y’iyo nayo nyene yasa n’uwakwije umwaka nyene adashize ahabona akaririmbo na kamwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037