IKIRUNDI_news

Corona yoba ariyo mbarutso y’iyandikwa rya Vuga ikirundi ya Pablo Tiken na B Face

 Corona ngo yoba ariyo mbarutso y’iyandikwa n’iririmbwa ry’indirimbo Vuga ikirundi ya Pablo Tiken na B Face, ivyo abo baririmvyi bakaba baheruka kubishikirije mu biganiro bariko barakora hirya no hino bariko bavuga kuri iyo ndirimbo yabo.

Mu kiganiro bahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu, Pablo yavuze ko mu mwaka wa 2020 hari ikintu cabaye kiba imbarutso yo kwandika iyo ndirimbo uno musi iriko ikundwa na benshi kuko ikora ku gashavu abatari bake mu barundi bafise.

Pablo Tiken mu kiyago na Magic Chanel Tv, uwo muririmvyi yavuze ko mu mwaka wa 2020 atashe mu karuhuko, bashikiye mw’ihoteri, ngo hari umurundi yagoye cane ababakiriye avuga icongereza, ariko ngo haheze umwanya muto ngo aca yitaba telephone avuga ikirundi, abantu baratangara.

Pablo yavuze ngo : “Ntaco namubwiye, mugabo twaciye tubivugana n’abandi twari kumwe ari ku ruhande, urabona ko babigaye. Ngo none yari umurundi, urabona ibintu yakoze ngaha, kuri reception yagoranye vya hatari, ivyongereza birebire, iyo avuga ibirundi yari kuba iki.”

Mwomenya ko iyo ndirimbo amajwi yayo yakorewe hano iwacu, ariko amasanamu yakozwe n’umurundi, Brian Smith, akorerwa i Dubai, ngo kuko uko bashaka ko indirimbo isa babona ko bashobora kubironka i Dubai.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037