IKIRUNDI_news

Rap Boy na Treyzo gukorana na Double Jay na Dj Philbert ngo wari umukenyuro

Ugukorana na Bilimani Boy hamwe na DJ Philibert mu ndirimbo yabo ya Yoooh RMX, ngo wari uwundi mukenyuro kugira barabe ko botera iyindi ntambwe.

Abasore 2 aribo Rap boy na Treyzo bakaba bavuga ko ugukora RMX y’iyo ndirimbo yatumye bamenywa na benshi ugereranije n’uko vyari ku ndirimbo yabo ya mbere, bavuga ko babikoze bazi ko hari ikizovamwo, ari naco gituma batoye uwo mugwi babona ko ngo ugize imisi uriko wifata neza.

Abo basore mu kiyago na Alan the real kuri Indundi Tv, bakaba bavuze ko iyo ndirimbo co kimwe n’iyayitanguriye (Yooh na Yooh Rmx) ngo zarigurishije, nta nkomezi z’umurengera nk’izo yashize muyindi bigeze bashiramwo.

Mwomenya ko abo basore batemera ko bagize umurwi, ariko bavuga ko bagize umuryango, kuko kanatsinda basanzwe banavukana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036