BurundiIKIRUNDI_news

# Indundi Sports | Assumani Mackalisteur mu bazokwakira Délégation ya Young Africans yo muri Tanzania

kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Nzero umwaka wa 2022 , niho abatwara umugwi Young Africans wo muri Tanzania baza gusesekara mu gihugu c’uburundi.

Intumbero izobashikana mu Burundi n’imwe gusa , ni kuza kuraba ingene bokomeza ubucuti hagati yabo n’umugwi Young of Burundi, usanzwe ari umugwi w’abakukuruke ariko ukaba ukunda gukinisha abakinyi bakomakomeye bakinira umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba .

Umwe mu bakunzi b’intamba mu rugamba akaba kandi n’umukunzi cane wa Young of Burundi ambassadeur w’Uburundi mu gihugu c’Urwanda mu bijanye n’ugufana ariwe Asman Mackalisteur yabwiye Indundi Magazine y’uko aryohewe cane n’umuzo w’abarongoye Young Africans yo mu gihugu ca Tanzania , mbere akaba yatwemereye ko ari mu bazobakira ku kibuga c’indege Melchor Ndadaye kiri i Bujumbura .

Imbere yuko bakomeza ubucuti hazobanza kuba urukino rwa kivandimwe ruzohuza impande zose uko ari zibiri urukino ruzohuza Young of Burundi n’abasanzwe barongoye Young Africans yo mu gihugu ca Tanzania .

Urwo rukino rukazoba kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 2 Nzero umwaka wa 2022 , isaha zibiri zo mugitondo (8h) ku kibuga Intwari kiri i Bujumbura .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 276