GospelhomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Mwamini Mungu ya John Classic iriko ibandanya yandikisha amateka

John Peter Hakizimana azwi nka John Classic, ni umurundi yavukiye mu gihugu kibanyi ca Repubirika yunze ubumwe ya Tanzaniya, akaba gushika ubu aba muri Canada.

Uwo musore ariko aritwara neza mu muziki asanzwe aririmba indirimbo zihayagiza umuremyi, zimwe abantu bakunze kwitwa Gospel.

John Peter Hakizimana yamenyesheje ko yatanguye umwuga wo kuririmba mu mwaka w’2015 akaba gushika ubu ageze kuri album zirenga zibiri nubwo atarabasha kuzishira ku mugaragaro zose yamara akabandanya amenyesha ko ubu arico gikorwa kiramukiwe co kuzimenyekanisha kuma platforms atandukanye.

John Classic asanzwe aririmba indirimbo zishemeza Imana cane cane mu rurimi rw’igiswahili, agarutse n’indirimbo idasanzwe yataziriye “Mwamini Mungu”, yakoranye na Anicet Butati ikaba ije ikurikira iyindi officiel audio yise “Ameni Inuwa”. Iyo ndirimbo ubona ko iriko irabikora bishimishije ku rubuga rwiwe rwa youtube “John Classic” aho imaze kurabwa n’abantu bababa ibihumbi umunanani (7989 views).

Aganira na Indundi Magazine, John Classic yagize ati :

“Ku bikorwa nari nateguye gushikiriza aba fans banje, muri uno mwaka vyaracerewe kubera ikiza ca coronavirus cateye isi ariko vuba ngiye kuza ndabaha ibikogwa vyinshi kandi vyiza cane kugira mbandanye mpimbazanya namwe indirimbo nziza cane, ngireko ndanabasaba kunshigikira mu gukwirikirana ibikorwa vyanje cane cane kuri YouTube channel yanje ariyo John Classic nogutanga ivyiyumviro vyanyu muri commentaire kugira mbandanye ndabaryohera uko muvyipfuza.”

Tubamenyeshe ko umuririmvyi John Classic indirimbo ziwe zose azikoreshera muri Haki Record, iyo nayo akaba ari Studio yiwe bwite yashinze aho nyene muri Canada akaba asanzwe ari n’umuhinyanyuzi adasanzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 689