BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Kingorongoro yavuze ikindi catumye avana na Amir Pro

Kurya kw’urutonyanga rw’umuti, niko amakuru y’ivyatumye Kingorongoro akinjura muri MA Production aboneka.   

Mu makuru twaheruka kubashikiriza, twari twababwiye ko uwo muririmvyi yari yamenyesheje ko yavuze ko umwanya wari ugeze ko arekurwa n’iyo minwe yaramazemwo imyaka 2.

Mu kiganiro aheruka kugirana na Siren Vibe n’aho uwo muririmvyi yatanze ayandi makuru aza yiyongera kuyo yaheruka gushikiriza, aho ubu naho yavuze ko yashimye gutanga ico kibanza yahoramwo, n’aho muvyo yashaka we yipfuza kubandanya ari muri ico gituza ca Amir.

Yagize ati : “Je nipfuza kubandanya, ariko nabonye bari bafise imigambi yo gusohora aba Petit. Barafise aba Petit bari harya kandi bafise ingabire, ngumye harya bica bisaba yuko inguvu zose bazishira kuri jewe kandi hariho n’izindi mpano yashaka gusohora.”

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi akaba ariko yarahumurije abantu ko ibikorwa yakoreye hariya ngo akibifiseko uburenganzira, ivyo bikaba bije bishimangira ivyo yari yashikirije ko mu ndirimbo ziwe akiriko arashaka gusohora hatazoburamwo ya Jungle ya AMIR PRO.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yaheruka kandi gushikiriza ko ngo Amir atariwe yamuhamagaye, ahubwo ariwe yagiye kuganiriza Amir ngo bikunde bakorane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717