DiasporaBDUSADiaspora OrganizationsIKIRUNDI_news

BCUSA amashirahamwe y’abarundi baba muri America abandanya arwira

Inyuma y’ibibazo n’inryane zihitiye mu barundi bahurikiye mw’ishirahamwe BDUSA hiribonekeza ivuka ry’ayandi mashirahamwe atangujwe n’abahoze muri uwo muryango.

Abarundi barikumwe n’abandi bimukira ku mugabane wa America, bafise amamuko muri Africa bababa hafi amajana atanu ngo nibo babarizwa muri BCUSA (Burundian Coalition in thé United States of America)
Nkuko bimenyeshwa na Eli Sinzinkayo aserukira BCUSA imbere y’amategeko ngo iryo shirahamwe rifise icicara South Dakota rikaba rimaze gushika mu ntara zigera mirongo ibiri.

Ukwinjira akaba ari Ku buntu nayo ngo agaterano ntikavuna ni amafaranga y’amadorari agera Kw’ $10 Ku kwezi, nayo ngo umunwanyi ashikiwe n’ivyago akaba ashobora gufashishwa hagati y’ama $5000 na 10000$.
Mwomenya ko atari BCUSA gusa yavutse inyuma y’ibibibzo BDUSA yagize, kuko haciye harara havutse iryitwa DICOBU, (Development’ Initiatives and Cooperations of Burundians in USA) rirongowe na Samuel Ndayiragije umwe mu ndongozi zari zatanguje BDUSA.

None hoba habuze iki ngo ayo mashirahamwe yose aje hamwe kugira yegeranirize hamwe abarundi baba Ku mu gabane wa America bagategure igikorwa c’iterambere riboneka rikongera rikabagarukako?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 41