homepageAyagezwehoIKIRUNDI_news

Muri Amerika abakozi batari bake ngo baranse gusubira ku buzi

Ibice 7 kw’ijana vy’abakozi muri Reta zunze ubumwe za Amerika ngo baranse gusubira mu kazi kuva aho ama Business asubiriye kandi kwugururwa, nayo abakozweko cane akaba ari abakora mu bijanye n’uguteka.

Reta zunze ubumwe za Amerika ni kimwe mu bihugu vyakozweko cane n’umugera wa korona kuko ari bimwe mu bihugu vyabanje guhagarika ibintu hafi nka vyose, ubuzima bw’igihugu busa n’ubuhagaze gatoya.

Muri ico gihe abakozi bari bafise ubuzi bahawe uburyo bwo kuba barifashisha kugira ntibicwe n’inzara. Ayo mafaranga ngo yoba ariyo yotumye badasubira ku buzi nk’uko bishikirizwa n’umwe mu bafise uburiro “Restaurant” muri ico gihugu.

Abakozi batari bake ngo batasubiye mu buzi ni aba serveurs ariko kandi ngo n’abakozi bo mu gikoni batari bake ntibashoboye gusubira mu kazi, ubu muri ico gihugu ivyo bibanza bikaba bigaragara.

Mwomenya ko ngo mu buryo bahawe hari abahawe amafaranga angana n’ayo bahora bahembwa, abandi nabo bahabwa menshi kuyo bahora bahembwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686