DiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedIKIRUNDI_newsNews

Ibisabisho vya ba batwa b’i Muramvya vyarumviwe muri NCDP

Mu makuru yacu aheruka twarababwiye umuzo w’umurundi aba muri Canada azwi kw’izina rya Alphonse Nahimana yaje mu karuhuko hano mu Gihugu.

Alphonse Nahimana twansanze ari mu barundi b’incabwenge, baciye bugufi, bapanzemwo imigambi y’iterambere rya benewabo, iyaba abize, abatize canke bize ayagereranye.
Mu kiringo gito amaze mu bwa nyaburunga amaze gushira hamwe mu ma koperative ahurikiye mw’ishirahamwe NCDP abarundi batari bake.

Inyuma y’intara za Muramvya, na Mwaro, iryo shirahamwe ryakoreramwo , hiyongeyeko intara ya Muyinga ndetse bagura n’igitiri c’amakoperative bakorana.

Alphonse bikaboneka ko yumvise, yongera aratahura ijambo ry’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aho avuga ko ibice vyinshi vy’igihugu vyambaye ivyatsi bitaribwa ku mvo z’uko bitarimwa, ndetse atuhura n’iryo gukangurira abarundi kuja mu mashirahamwe mato mato yo kwiteza ilbere.
Nahimana ico akora agenda araba canke abaririkiriza ayo matongo akayasaba leta canke beneyo batayakoresha bakayamutiza akayashiramwo abo barimyi yegeranirije mu mashirahamwe, bakaronswa imbuto, ifumbire, ndetse n’abafundi b’indimo bakarima bakamererwa neza.


Abakurikirana amakuru ya Indundi TV ngira mwarabonye imiryango y’abatwa b’i Muramvya yavuga ko yibagiranywe, idashirwa mu ma koperative nk’abandi, ndetse itagira n’amatongo yo kurima, Alphonse nawe yavyumvise nkamwe.

Dogiri dogiri no Ku mutumba wa Gahahe avuye Canada kwirabira ivy’abo basangwabutaka.

Eheee amasozi y’umugabo ngo atemba aja mu nda igicu cayo camuteye kwiyumvira icokorwa.
Amaze kuganira n’indongozi z’i Muramvya baratoye inyishu imwe kandi izorama, kuko we ico yari ahagazeko kwari uko iyo miryango yoja hamwe n’abandi ba nyamuramvya bamaze gutahura ivyo gukorerahamwe, bakaja Ku murindi umwe w’iterambere.
Imiryango igera Ku 20 niyo yacaguwe, icenda ikaba ituruka Ku mutumba w’abasangwa butaka b’i Gahahe bakaba bagiye kuzokoreshwa ivyirwa nkarisha bwenge bafashijwe na NCDP bashigikiwe n’indongozi z’i Muramvya, inyuma y’izo nyigisho zizotangurana na Ruhuhuma bakazoroswa impapuro zihamya ivyo vyirwa vy’iterambere bazoba bakoze.
Indogozi za NCDP zikizeza uruganda rwa Indundi Magazine ko ivyo vyirwa ari ngirakamaro kandi KO bizobashikana kw’iterambere rirama koko.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 41