kirundi_entertainment

Duniano: Ihiganwa ryo gutamba Mpakakuche rigeze ku musozo

 

Haraciye ukwezi kwose Mpakakuche iri kuri
youtube, kw’ igenekerezo rya 31 Kigarama 2021 Frank Dunino yaciye ahamagarira ababishoboye bose gutamba bafate umunota umwe bariko baratamba iyo ndirimbo ikiringo yari yatanze hari gushika igenekerezo rya 24 Nzero 2022.

Mu nyuma yaho yahavuye yongereza imisi avuga ko kurungika vidéo bizoherana n’igenekerezo rya 31 Nzero 2022.
Imvugo yabaye ingiro yahagaritse kwakira izindi vidéo Ubu akaba afise imirwi 18 aronderamwo imirwi 5 izogera mu gice gishira icanyuma ( final) akaba
aribo bazoca baigne icamaso haheze hatorwe ba 3 bambere.

Aho uwambere akazotahukana ibihumbi 300
uwakabiri ibihumbi 200
uwugira gatatu ibihumbi 100.
Nayo igihe hazobera iyo final canke ikibanza bizoberamwo ngo azobimenyesha hanyuma gusa icasaba abari mw’ihiganwa n’ukubandanya bongereza ababandanya babakurikirana na like kuko bizobafasha mu kurwiza amahirwe yo gutahukana ikibanza ciza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037