Gospel

Yanick Uttar ku ncuro yindi ashaka gushigikirwa

Atarafata umwanzuro wo kuririmba ngo asohore indirimbo ziwe bwite,Yanick Uttar yacuraranga guitar mu rusengero ndetse akanafasha abandi kubayobora mu ndirimbo zabo.

Mu nyuma yaho  Uttar yahavuye afata umwuga wo kuririmba umubera nk’akazi kuri we ngo yifuza KO ubutumwa bwiza bwoshika Kure akoresheje agahogo kiwe

Indirimbo 4 nizo amaze gushira ku mbuga ng’urukana bumenyi kuri youtube azwi kw’izina rya Yanick Uttar, mushobora kujako mu karaba Ibikorwa amaze gukora.

“Nahawe Isezerano” n’indirimbo imaze ukwezi kumwe gusa ayirekuye bikaboneka ko yaryoheye abatari bake.

Vuba naho ngo mu mwitege agiye gusohora iyindi ndirimbo izoba izwi kw’izina ry’ “IBENDERA”.

Ivyo kunyoteza abakunzi biwe ngo ntibirimwo, inyuma y’ukwezi haraje iyindi

Mubandanye mu mushigikira narirya ngo Intango iragoye
umwete ariko arerekana ni twamushigikira azoshitsa ubutumwa bwiza kure hashoboka,
Kubera indirimbo ziwe nizo kuninahaza no gutazira Imana.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 5